BBC News, Gahuza - Urupapuro rw'itangiriro
BBC News Gahuza Top Stories
Israel – Hamas: Israel irashobora gutuma ‘bose bahaguruka’ – perezida wa Irani
Mu gihe Israel ibandanya n’ibitero vy’indege vy’urutavanako muri Gaza, ubu naho ikaba yongeyeko ivyo ku butaka, abategetsi ba Amerika bagabisha Irani ko itohirahira ngo yivange mu ntambara ya Israel na Hamas, ariko Perezida Raisi wa Irani agabisha ko Israel yarenze umurongo utukura.
Ibivugwa mu ntambara ya Ukraine n'Uburusiya: Ibihugu 70 bikoraniye muri Malte mu kurondera amahoro
Mu gihe intambara hagati ya Ukraine n’Uburusiya isa n’iyamizwe n’iya Israel na Hamas, ibihugu barenga 70 bikoraniye muri Malte kugira vyige ku mugambi w’amahoro muri ino ntambara imaze amezi arenga 18. Hagati aho, Uburusiya ntibutezurira Ukraine.
Israel – Hamas: Netanyahu yatangaje ko ingabo ziwe zinjiye icese muri Gaza mu ntambwe igira kabiri y'urugamba
Mu gihe Benjamin Netanyahu ashimangira ko ari uburenganzira bwa Israel bwo kubaho, asigura ko iyi ntambara ari urugamba Abayahudi bamazemwo imyaka 3000 barwanira ukubaho kwabo, ko rero gutuza Hamas ari yo ntumbero nyamukuru.
Afrika y’Epfo: abavyeyi bashobora gupfungwa amezi 12 mu gihe badatwaye abana mw’ishure
Inama nshingamateka yemeje integuro y’itegeko rikomeye rizwi nka BELA, mu gisagata c’indero rishobora gutuma abavyeyi bapfungwa mu gihe badatwaye abana babo kw’ishure.
Bishasha kuri Israel- Hamas: Ibintu bimeze nabi cane muri Gaza mu gihe Israel ivuga ko igiye ku yindi ntambwe
Mu gihe Israel ivuga ko yafashe intambwe zikurikira, umushikiranganji wo kwivuna abansi asaba abanyagihugu bagisigaye mu buraruko bwa Gaza gukura meza hakiri kare.
Israel- Hamas: Ingabo zirwanira ku butaka zinjiye muri Gaza – umuvugizi wa IDF
Mw’ijambo ahejeje gushikiriza, umuvugizi w’igisirikare ca Israel Daniel Hagari avuga ko igisirikare ca Israel kiriko “kirarwana n’umwansi afise intege nke cane”.
Israel - Hamas: Ibibombe biriko biracucagirwa kuri Gaza biri ‘ku rugero tutari bwigere tubona’
Mu gihe isugerejwe n’abayinegura ku rwego mpuzamakungu bafise impungenge ku bitero vy’ibibombe urutavanako muri Gaza, Israel yongereje akariro, aho umunyamakuru avuga ko ibibombe biriko biraterwa biri ku rugero “tutari bwigere tubona”.
Imvo n’imvano: Igice ca kabiri c'ikiganiro kw’igandagurwa rya Perezida Melchior Ndadaye
Imvo n’imvano yo kuri uno wa 28 ukwezi kwa cumi mu 2023 igaruka ku mpari hagati y’umugambwe Ndadaye yakomokamwo wa Frodebu n’iyindi migambwe bacuditse hamwe n’imigambwe bari bahanganye mu matora yo mu 1993, aho bamwe bemeza ko yari umugabo w’ijunja n’ijambo yasize iragi ryiza mu Burundi, abandi bakamwagiriza ko yabiba urwanko no kwihorahorana.
Kubera iki DR Congo ishaka ko ingabo za EAC zikura meza
Ingabo z’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko zarungitswe guhagarika indyane muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo zategetswe gukura meza inyuma y’amezi 11 zitanguye ibikorwa.
Jenoside -Rwanda: Sentare yahagaritse imburano vy’imfatakibanza
Abumvirijwe bose ni abagore bari hagati y'imyaka 55 na 62, bose bakaba baje bagiriza abaregwa ko babiboneye bafata iya mbere mu kwica muri jenoside yo 1994 mu Rwanda.
Amerika yarashe ku bigo byo muri Syria bikoreshwa n'imitwe ikorana na Iran
Abategetsi bavuga ko ibi bibaye nyuma y'urukurikirane rwa vuba aha rw'ibitero ku bigo bya gisirikare by'Amerika muri Iraq na Syria by'imitwe ishyigikiwe na Iran.
Ubuyabu bwatabawe bwari bujanywe kubagwamwo inyama mu Bushinwa
Inyama z'ubwo buyabu zari kugurishwa vyitwa ko ari iz'ingurube n'intama, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vyegamiye reta.
Ibiganiro bya radiyo
Ivyo BBC Gahuza ibahitiramwo
Umunyamakuru Manirakiza Théogène akomeza gufungwa by’agateganyo - urukiko
Yemeza iki gifungo cy’agateganyo, umucamanza yavuze ko ari bwo buryo bwonyine bwatuma uregwa atabangamira iperereza rikomeza.
Reta ya DRC ivuga ko ifise ivyemezo nyavyo vy’ingene Urwanda ‘rwasubiye kuvogera’ ubutaka bwayo
Reta ya Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DR congo), yashize ahabona ivyo ivuga ko ari ivyemezo nyavyo vy’ingene ingabo z’Urwanda ziherutse kuvogera ubutaka bwayo mu ntara ya Kivu ya Ruguru.
U Rwanda ruvuga ko 'isasu ryayobye' rivuye muri DR Congo ryakomerekeje umusivile
Nta cyo leta ya DR Congo yari yatangaza kuri ibi bishya ishinjwa n'u Rwanda, rwise ubushotoranyi ku mupaka warwo.
M23 yisubije Kitshanga mu gihe imirwano yongeye kubura
Ukora mu rwego rw'umutekano rwa DR Congo utifuje gutangazwa izina, yavuze ko barimo kugerageza kwisubiza uwo mujyi wo ntara ya Kivu ya Ruguru.
Amerika yageza hehe mu kurwana kuri Israel?
Mu gihe inkovu zo mu bindi bikorwa bya gisirikare Amerika yagiyemo mu gihe cyashize muri ako karere zikigaragara, hari imipaka ku ho yagera mu bikorwa byayo.
U Rwanda rwarungikiye imfashanyo Gaza-"hakenewe guhosha kugira hakingirwe ubuzima bw'aba sivire b'inzirakarengane"
Urwanda ruvuga ko hakenewe guhosha intambara kugira hakingirwe ubuzima bw'abanyagihugu basanzwe b'inzirakarengane.
'Namenye ntevye ko umucance wanje Ndadaye bamugandaguye ... nabikiwe na musenyeri Bududira' - Laurence Ndadaye
Laurence Ndadaye yarokotse ubwicanyi bwahitanye umugabo wiwe mw'itembagazwa ry'ubutegets vyo ku wa 21 z'ukwezi kwa cumi mu 1993, ari kumwe n'abana biwe batatu. Melchior Ndadaye yari amaze imisi 102 gusa ku butegetsi.
BBC Gahuza LIVE RADIO
Umva ibiganiro vya BBC Gahuza ikibiriraho (live) kuwa mbere gushika ku gatanu isaha 1730 GMT, no kuwa gatandatu 0600 GMT & 0900 GMT no kuwa Mungu 0630 GMT & 1600 GMT.
Video
Imikino
Podcasts
Amajwi, Podcast: Imvo n'Imvano
Ikiganiro mpaka ku bibazo bitandukanye
Amajwi, Podcast: Ikiganiro cy’abagore
Ikiganiro cy’abagore
Amajwi, Podcast: Amakuru ya BBC Gahuzamiryango
Amakuru y'akarere na mpuzamakungu mutegurirwa na BBC Gahuzamiryango
Amajwi, Podcast: Ikinamico Urunana
Teramana na BBC Gahuzamiryango mu kinamico Urunana
Amajwi, Podcast: Baza Muganga
Mubaza ibibazo mufise ku vy'amagara, Muganga akabaha inyishu kuri BBC Gahuzamiryango